Visit burundi

Visit burundi page officielle officielle du tourisme du Burundi

22/04/2026

Welcome to burundi

🛑🇸🇾  Imigwano  ikomeye muri Syria yasubiriye  ------------------------------------------------Kuva hatanguye urugamba gw...
02/12/2024

🛑🇸🇾 Imigwano ikomeye muri Syria yasubiriye
------------------------------------------------

Kuva hatanguye urugamba gwo gukura Ku butegetsi Bashar al assad umukuru w'igihugu muri syria ibihumbi vyinshi vy'abanya syria vyarahaguye abandi barahunga ,
ariko birangira Bashar al assad adakuwe kubera ashigikiwe n'uburusiya .

🔻 Inyuma yaho haje kuvuka imigwi wegamiye al Qaida ya Oussama ben laden mubagwanya umukuru w'igihugu assad aha twovuga nka Jeish al Islam , Jobhat al Nusra n'izindi.... kuva ico gihe cose hari uburere bumwe bumwe umukuru w'igihugu Assad atagenzura ahubwo nyabuna bugenzugwa n'iyo migwi .

Hari haheze hafi imyaka ine Iyo migwi itavugwa cane kubera ibitero indege z'abarusiya zama zakoze kuri yo bigatuma itagira inguvu , none yasubiriye kuvugwa .

🛑 Igisagara Alep mu vyago

💥 Muri iyi ndwi turangije igice c'igisagara ca Alep kiri mu minwe y'umugwi w'abihevyi inyuma yo guhangana n'abasirikare ba reta hakitaba Imana abashika 277.

📖🕋 Tubibutse ko aho imigwi y'abihevyi ifashe ata tegeko rya reta risubira gukora ahubwo hakoreshwa ama tegeko ari mugitabo ceranda c'ikorowani .



# s. FRANCE 24

CHRIS DSAkeza.net
06/10/2024

CHRIS DSAkeza.net

À Bujumbura, Daniel HAKIZIMANA et ses amis ont depuis janvier 2024 lancé les essais d’un projet de pyrolyse de déchets plastiques pour...

🔴⚽ Ivyo   ikoreye   mu nkino z'indwi igira 2 mw'ihiganwa rya  , twovyita ngw'iki ?🥱 Ibitsindo 9 vyose nivyo Musongati FC...
02/09/2024

🔴⚽ Ivyo ikoreye mu nkino z'indwi igira 2 mw'ihiganwa rya , twovyita ngw'iki ?

🥱 Ibitsindo 9 vyose nivyo Musongati FC yatekereye umugwi w'Amasipiri FC mu rukino rwakinywe ku muhingamo w'itariki 1 Nyakanga 2024

🥵 Musongati FC yasa n'iyiriko irihanikiza umugwi w'Amasipiri kuko mu gice ca mbere bawutekereye ibitsindo 4, mu gice ca 2 naho babongera ibindi 5

🤩 Gloire Tambwe wo muri Musongati FC yari yigaruriye igori ry'Amasipiri aho yinjije wenyene ibitsindo 5, mugenzi we nawe Gabriel Habonimana yinjiza 3

😢 Ariko Amasipiri FC waronse igitsindo 1 co kwiyuha iryosozi, urukino ruca rurangira ari 9 kuri 1

#

🇧🇮 Kazoza k'Uburundi mu minwe y'urwaruka !🧑🏾‍🦱 Si ivy'imbeshere. Ku myaka 26 gusa,  Quesnay de Jésus Akabahinga yaraye y...
06/08/2024

🇧🇮 Kazoza k'Uburundi mu minwe y'urwaruka !

🧑🏾‍🦱 Si ivy'imbeshere. Ku myaka 26 gusa, Quesnay de Jésus Akabahinga yaraye yizewe n'Umukuru w'Igihugu ngo abe umuyobozi mukuru mu gisata c'ubutare n'agataka

👀 Uburundi bwose buhanze amaso uyo muyobozi narirya haheruka gutorwa ubutare bungana n'itoni imiriyoni 15 bwa coltan na cassitérite i

🍼 Tuvyemere ko igisata c'ubutare n'agataka gikeneye "kwonswa" bihagije, kugira gikure kinateze imbere ubutunzi bw'igihugu akaba ari amakuru dukesha urubuga

⚖️ Kubona ata tegeko ryo gutorana rihari ku bakenyezi, ngo bituma bakorerwa amabi afatiye ku butunzi--------------------...
06/08/2024

⚖️ Kubona ata tegeko ryo gutorana rihari ku bakenyezi, ngo bituma bakorerwa amabi afatiye ku butunzi
---------------------------
👩 Francine Manirakiza, avuka ku mutumba wa muri komine , ni imfura avukana n'umuhungu 1. Yaragiye kwubaka urwiwe, asubiye kuja gusaba ko yoronswa intoranwa kw'itongo rya se, kwa nyina wiwe kuko niwe asigaye, yamusavye kujana inzoga y'insuhuzo, maze arayitanga. " Igipande c'itongo yampaye yantegetse guca ndahagurisha ndamuvireho. Mu nyuma musaza wanje nawe yaciye asaba itongo, yararironkejwe kandi rinini ariko mw'ibanga, nta nzoga yamusavye"

📌Mu nyuma uyo muhungu ngo yaragurishije aho yaronkejwe, ariko nticabujije ko yongera kumuha ikindi gisate c'itongo. " Ngiye gusaba nanje banyongere itongo mama yambwiye ngo zana inzoga y'insuhuzo, kandi itongo nzoguha uzorishikira mpfuye "

🗣️ Francine Manirakiza abona ko ivyo yagiriwe ataho bitaniye no guhohoterwa bifatiye ku gitsina kuko ata tegeko ribuza canke ryemerera igitsina kanaka gutorana ririho mu Burundi

🤝🏾 Mu murwi rw'abateramiramahoro , bashizweho n'urunani ( Synergie des Partenaires pour la Protection des Droits de la Femme) bariko barakarihizwa ubumenyi mu vy'ubuvugizi, bahimirizwa kuba abavugizi kuri ico cose coza gicinyiza umukenyezi. " N'aho vyoteba bizoteba bihinduka nabo batorane", ivyo bigashikiriza umukuru w'umutumba Gahwazi, komine Mpanda

👤Umuyobozi mukuru mu biro kwa buramatari w'intara ya Bubanza, ahamagarira abakenyezi b'i Bubanza kwemerana, bagashigikirana ngo niho n'ivyo basaba bizokwumvigwa agira ati: "Ubwinshi bwanyu, mwikuyemwo ubwoba, murashoboye kuronka ibibanza mu nzego maze mube mu bafata ingingo"

🎤 Itorana ku bakenyezi n'abigeme murivugako iki?

#

🔴 Amwe mu masanamu yatanzwe n’uwitwa Jonny Belanov, nk’uburorero bw’inyubakwa ya kijambere yokwubakwa mu gusubiriza isok...
03/08/2024

🔴 Amwe mu masanamu yatanzwe n’uwitwa Jonny Belanov, nk’uburorero bw’inyubakwa ya kijambere yokwubakwa mu gusubiriza isoko nkuru ya Bujumbura yahiye.

Muyabona gute? Wewe wohitamwo iyihe plan ?

Address

Bujunbura
Muhuta

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Visit burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share